Message accueil

« Le monde ne sera pas détruit par ceux qui font le mal, mais par ceux qui les regardent sans rien faire », a dit un sage.


Mbwire gito canje...

Umugani w'Umwami Ndicunguye.

 
Kera hahise abarundi barateramira hamwe, abakuze bagaca imigani, hanyuma abakiri bato bakahakura indero yashobora kubafasha muri kazoza. Ejo bundi aho nariko ndakurikirana irya nkuru yerekeye itahukanwa ry'ibisigarira vya Mwambutsa, umwe mu banywanyi ba CIRID yanyandikiye inkuru y'inkororamutima, kubera impari tavuye kur'iyo nkuru. Yambwiye ati : Mutama urongoye CIRID, uwu mugani urashobora gufasha abatari bake mur'iki kiringo bigaragara ko Abarundi bakwiye kwikubita agashi mu bijanye n'intwaro ibereye. Soma nawe urabe (cliquer ici).  
 
 
UMUGANI W’UMWAMI NDICUNGUYE
Harabaye ntirikabe, hapfa imbwa n’imbeba, hakira inka n’ingoma !


Harabaye umwami akitwa NDICUNGUYE. Igihugu ciwe yakiringorana ubwitonzi, ubwira n’ubukerebutsi. Yarakunda abantu biwe, nabo bakamundunda kandi bakamugamburukira. Miri ico gihugu, kuva na kera na rindi carazira guharika. Uwashaka kuraga umuhungu wiwe yaravyitwararika cane, maze akamuca amahani, ko atakirahira ngo arikore. Uguharika rero ngo vyakwega umuvumo k’umiryango no ku gihugu.

Uyo mwami yari yavyaranye n’umwamikazi wiwe abakobwa batatu. Yaripfuza kuvyara umuhungu kugira aze amurage ingoma, ariko ntamuronke. Ntibitevye umwamikazi asubira gusama. Umwami aho ari akibwira ati nawe muri iyo wumva, ngira mpebe ndonke umuhungu !

Hageze ko yibaruka, umwamikazi avyara umwana w’umukobwa mwiza  cane. Babwira umwamiko yibarutse uwundi mwigeme asa n’irirenga. Nawe ati : « Nivyiza. » Muri iyo minsi, harya mw’ijoro agiye kwihengeka, ntiyatora n’akumuti.
Yarara aribaza uko azoharika umugore bavyaranye kane kose. Akibwira ati: “mparike, nzoba nkwegeye umuvumo igihugu. Ndeke ntawuzoragwa ingoma, none igihugu kizoramutswa nde?” Niko kwigira inama yo guhanuza umwamikazi, kugira ngo n’umuzimu wa sekuruza wabo ntuze uhumire n’abakibamwo. Amubwira ati: “Mwamikazi, jewe aha ngize iminsi  ndara ndagarakuirika, niyumvira kazoza k’igihugu. Jewe ndiko ndagera muzabukuru, none ehe raba uvyara abakobwa gusa. Sinzoronka uwo ndaga ingoma. Ngira nabire uwundi mugore amvyarire umuhungu, ku neza y’igihugu cose, ntikize kibure uwukiramutwsa maze gusandaba.”

Ntibukeye kabiri, umwami yabira uwundi mugore. Nti yatevye no gusama. Hageze ko yibaruka yibarutse umwana w’umuhungu. Ngirango niyo nkuru yambere yanejereje umwami Ndicunguye. Avyumvise yategetse abavyeyi kwengesha inzoga, barabagisha ibimasa binuze,eka umunsi mukuru urarema ku kirimba. Abwira umwamikazi ati: “niwamikare, usubire kuko igihugu kirakize, kironse uwuzoragwa ingoma.”

Ariko naho kukirimba banezerewe, mu gihugu, aho abantu bumviye iyo nkuru y’uguharikwa kw’umwamikazi wambere bagize ubwoba. Ntibubahutse kubivugira hejuru, bibwira ko ibigizwe n’umwami ata nurikizimbi ku gihugu vyogira. Emwe bibonereko! Ntibitevye ntibitebutse, haraguye imvura y’isegenya, imara indwi zibiri atawuvuye munzu. Iyo mvura, uretse ko yayogeje ibintu, yaratangaje yongera itera ubwoba abanyagihugu, kuko yaguye muci. Sivyo gusa, inzige ziratera, n’utwari dusigaye bari kwikorako zirarigita. Iyo mvura yakurikiwe n’uruzuba, isi iragangatara yata imigaga. Inzara iratera, abantu barahona, abasigaye barangara barondera aho boca ingero, eka igihugu kirasinzikara.
Kukirimba babibonye, abishikira begera umwami, baramuhanura bati: “Mwami uganza ingoma, igihugu kiradupfanye. Wararenze umuziro wa basokuruza, uraharika ataho ryabonetse mu gihugu cacu. Niwirukane uwo mwamikazi wakabiri, abantu ntibagume baguhonera mu maso.” Umwami arabishura ati: “ Nagomvyeko igihugu kizoronka uwozoragwa ingoma, nagomvye ko igihugu kozoronka uwukiramutswa. Aya mabi ntavuye kuri ivyo, ronderera ahandi, kuko nashatse ineza y’igihugu.”

Babishikira barongera bati: “ Tubaze umupfumu aduhishurire, tumenye icishe igihugu.” Umwami ati: “Ni mugende, muheze muze mumbarire ico yababwiye.”
Baragenda k’umupfumu baramubarira bati: “Umwami nyene ingoma adutumye ngo muhishurire ico aya makuba ashikiye igihugu avuyeko, uteko umutoze umuti wayo.” Umupfumu arabishura ati: “Kumenye icatumya igihugu kigwa mukaga, biroroshe. Ariko ikizogikiza nico kigoye.” Zantumwa ziti: “ Tubwire ukuri aho kuri, tukwemereye kubishikiza umwami uko uzoba wabitubwiye.” Wa mupfumu nawe ati: “ Neza na neza basokuru barashavuye, kuko igihugu carenze umuziro. Tudakoze ico badusaba, igihugu kizozimangana.” Babishikira b’umwami bongera babaza umupfumu bati: “Badusaba iki ?”  nawe ati: “Biragoye, mugabo ko umwami yabatumye ndakibabwira. Basokuru babasaba ibi: ko igihugu carenze umuziro, ngo kidatanze incungu baragihevye hamwe n’abakibamwo.” Bano barongeye kubaza uwo mupfumu bati: “ Iyo ncungu yoba iyihe none?”  Wa mupfumu arabandanya ati: “Ngo umwami adatanze urya mwana wiwe w’umuhungu ngo abe incungu iguhugu kirazimangana ntagisivya. Ngo atari aho naho, wenyene ubwiwe yemere abe incungu.”

Ba bantu barabana mu maso, bakubitiza ku kugene uwo mwami yagize umunsi mukuru uwo muhungu wiwe avutse, baribaza ingene azamuheba akaba incungu kandi ari samuragwa, baribaza ingene we nyene ashobora kwitangako incungu, bumva ni amayobera. Niko gusubiza kubaza wa mupfumu bati: “ Nta yindi ncungu ishobora gukiza igihugu atari urya muhungu canke umwami?” Wa mupfumu arongera ati: “Ivyo narose ni ivyo.”

Barahaguruka batora amacumu yabo, bagenda kubwira umwami ivyo umupfumu yabarotoreye. Ariko bagenda baribaza ingene bubahuka kubwira umwami ngo apfe, canke atange umuhungu wiwe apfe, birabazazanira. Mugabo kuberako bari bazi ko uwo mupfumu yari rurangiranwa, bararindisha umwe muribo ngo aje kubimubwira. Umwami yabariza ijisho kuko yari ababajwe cane n’ibiriko birashikira igihugu. Baramushikiriye ababaza ati: “ Yababwiye ngw’iki? Baranuma babanza gutinya kwishura. Baca baraba umwe batuma ngo abaserukira, araheza ararya umutima amenyo ati: “Mwami uganza ingoma, ibintu biragoye.” Umwami atega abiri. Haca haba agacerere. Hageze akanya gatoyi bose banumye, ya ntumwa irabandanya iti: “ Ngo yamakuba yashikiye igihugu cacu kubera ko carenze umuziro, hanyuma basokuru barashavuye. None kugirango kirokoke ngo ni ugutanga incungu.” Wa muntu arasubira arunama. Arabandanya ati: “ Iyo ncungu nayo si iyindi ni wewe canke uwo mwana w’umuhungu wawe.” Haca hasubira kuba agacerere. Haciye umwanya ababwira ati: “ Ni uko yababwiye?” Bishurira rimwe bati: “ Ni uko Mwami uganza ingoma.”   Ati: “ Ni mwigire nzobabwira ico nibaza ejo.”

Baraheza barahaguruka, baja mu bandi. Bakibaza ingene umwami azoshobora gutanga umwana wiwe ngo abe incungu, bakibaza ingene ashobora kurekera abantu mu makuba, bati: “ Reka tuze twumve ico atubarira.”

Aho hose abantu babandanya bicwa n’inzara, kuko vyose vyari vyatikiye. Muri iryo joro umwami ntiyagohetse. Yaguma yibaza ingene aheba umuhungu wiwe, akaguma yibaza ingene igihugu kimerewe, bikamuremera. Umutima uraheza uramubwira uti: “ Wavyaye uwo mwana umushashaye, kugira ngo aze aragwe ingoma, igihugu kigume kiramutswa abagabo; ugeze muzabukuru. Niwemere upfire igihugu, n’iteka kuri wewe no kubakwamubako.” Yumva aranezerewe n’uko agirango akize igihugu.

Siwe yabonye burakeye! Niho yahamagara ba bishikira, araheza ababwira ati: “ Igihugu kigeze kure, kandi umwami ni abantu. Hako ngira incungu umuhungu wanje ndemeye jewe mbe incungu, igihugu gikire.” Babantu bakomera amashi rimwe, bamubwira bati: “ Urakijije igihugu, Mwami uganza ingoma! Urateye iteka inda y’ingoma. N’abuzukuruza bacu bazobifatirako akarorero, ko umwami ashobora guheba ubuzima bwiwe kugirango abo ajejwe barokoke.”

Araheza abarungika kubitegura no gutegekanya ingene vyogenda. Baragenda, barabazanya ingene umwami yoba incungu ariko atababaye cane. Umwe muribo avamwo arabatoza ubwenge. Ababwira ati: “Dutegure umunsi mukuru dutegure n’inturire, tuyishiremwo ishano, kandi ntiyica rubi. Tuzoheza duhe umwami, ayihereze, hanyuma iryavuzwe riranguke, igihugu gikire.” Bagenziwe baremera ivyo abahanuye. Babwira umwami uko bavyiyumviriye, nawe arabishura ati: “Tegura rero uwo munsi muwitirire ukumobwa imvanda kw’umuhungu wanje.”

Barateguye umunsi mukuru: uri intumire , uri impeke, uri ubuki, uri ibikenye, eka baritegura bimwe bikomeye, naho inzara yariko iratema itongora. Abo kukirimba bose barakorana, abaganwa baraza abatware, eka abo bose bafise uruhara rukomeye mu ntwaro y’ico gihugu. Nawa mupfumu yari yatumiwe. Umwami bamuha ya nturire irimwo ishano, abandi babaha inzoga zari zateguwe, barabafungurira, bararya, baranywa barahimba.

Imbere yo kunywa iyo azoga umwami yarabwiye ijambo abari ngaho ati: “Uyu munsi mukuru nawuteguye ngo uyu muhungu wanje bamumwe imvanda, kandi mwese mumubone. Niko aracari muto ariko nkaramuka nsandavye, niwe arazwe ingoma. Uko azoba angana kwose, niwe azoramutswa iki gihugu. Yavutse munda y’ingoma.” Barakoma amashi.
Araheza yakira yanturire arihereza, arasubira. Abariho nabo baja kuri nzoga zabo baranywa barahimba, ikiyago kiba ikiyago. Bagize gutya babona umwami yibogoye. Bagiye kumubambura basanga yamaze gutanga. Ijuru riba rirakorotse. Baja mumarira, ahari ikiyago havuka ikigandaro. Inkuru mbi ikwira igihugu cose kiragandara. Imvura yari yatanze iragwa, irasubira. Kandi ikagwa itanga umuco. Mu minsi mikeyi, babona ahari amagufa y’inka zasangutse kubera ya segenya asubiriye kuba inka, abantu bari barapfuye abarazuka, ivyimburwa biba “rya nawe” eka igihugu gisubira kuba igihugu.

Babishikira bazi ibanga ry’ivyo vyose bongera gukoranya ba bantu, bahamagara wa mupfumu, bamutegeka kubwira abari aho ingene vyagenze; eka n’abo bishikira baravuga ingene babigenjeje. Abari ngaho bakoma amashi bavuga bati: “ Umwami naganze ku ngoma, we yigura igihugu ciwe n’abiwe.”

Kuva ubwo abantu bamenyera gukunga no kwubaha umwami wabo. Igihugu gishikiwe n’amakuba, abaco bakamererwa nabi, umwami ari ku ngoma abisa uwundi ari uko yigize incungu, akiha ubuki.

Sije nohahera horera Ndicunguye!!!!!!

1 commentaire: