Umugani w'Umwami Ndicunguye.
Kera hahise abarundi barateramira hamwe, abakuze bagaca imigani,
hanyuma abakiri bato bakahakura indero yashobora kubafasha muri kazoza.
Ejo bundi aho nariko ndakurikirana irya nkuru yerekeye itahukanwa
ry'ibisigarira vya Mwambutsa, umwe mu banywanyi ba CIRID yanyandikiye
inkuru y'inkororamutima, kubera impari tavuye kur'iyo nkuru. Yambwiye
ati : Mutama urongoye CIRID, uwu mugani urashobora gufasha abatari bake
mur'iki kiringo bigaragara ko Abarundi bakwiye kwikubita agashi mu
bijanye n'intwaro ibereye. Soma nawe urabe (cliquer ici).
UMUGANI W’UMWAMI NDICUNGUYE
Harabaye ntirikabe, hapfa imbwa n’imbeba, hakira inka n’ingoma !
Harabaye
umwami akitwa NDICUNGUYE. Igihugu ciwe yakiringorana ubwitonzi, ubwira
n’ubukerebutsi. Yarakunda abantu biwe, nabo bakamundunda kandi
bakamugamburukira. Miri
ico gihugu, kuva na kera na rindi carazira guharika. Uwashaka kuraga
umuhungu wiwe yaravyitwararika cane, maze akamuca amahani, ko
atakirahira ngo arikore. Uguharika rero ngo vyakwega umuvumo k’umiryango
no ku gihugu.
Uyo
mwami yari yavyaranye n’umwamikazi wiwe abakobwa batatu. Yaripfuza
kuvyara umuhungu kugira aze amurage ingoma, ariko ntamuronke. Ntibitevye
umwamikazi asubira gusama. Umwami aho ari akibwira ati nawe muri iyo
wumva, ngira mpebe ndonke umuhungu !
Hageze ko yibaruka, umwamikazi avyara umwana w’umukobwa mwiza cane. Babwira umwamiko yibarutse uwundi mwigeme asa n’irirenga. Nawe ati : « Nivyiza. » Muri iyo minsi, harya mw’ijoro agiye kwihengeka, ntiyatora n’akumuti.
Yarara
aribaza uko azoharika umugore bavyaranye kane kose. Akibwira ati:
“mparike, nzoba nkwegeye umuvumo igihugu. Ndeke ntawuzoragwa ingoma,
none igihugu kizoramutswa nde?” Niko kwigira inama yo guhanuza
umwamikazi, kugira ngo n’umuzimu wa sekuruza wabo ntuze uhumire
n’abakibamwo. Amubwira ati: “Mwamikazi, jewe aha ngize iminsi ndara
ndagarakuirika, niyumvira kazoza k’igihugu. Jewe ndiko ndagera
muzabukuru, none ehe raba uvyara abakobwa gusa. Sinzoronka uwo ndaga
ingoma. Ngira nabire uwundi mugore amvyarire umuhungu, ku neza y’igihugu
cose, ntikize kibure uwukiramutwsa maze gusandaba.”
Ntibukeye
kabiri, umwami yabira uwundi mugore. Nti yatevye no gusama. Hageze ko
yibaruka yibarutse umwana w’umuhungu. Ngirango niyo nkuru yambere
yanejereje umwami Ndicunguye. Avyumvise yategetse abavyeyi kwengesha
inzoga, barabagisha ibimasa binuze,eka umunsi mukuru urarema ku kirimba.
Abwira umwamikazi ati: “niwamikare, usubire kuko igihugu kirakize,
kironse uwuzoragwa ingoma.”
Ariko
naho kukirimba banezerewe, mu gihugu, aho abantu bumviye iyo nkuru
y’uguharikwa kw’umwamikazi wambere bagize ubwoba. Ntibubahutse
kubivugira hejuru, bibwira ko ibigizwe n’umwami ata nurikizimbi ku
gihugu vyogira. Emwe bibonereko! Ntibitevye ntibitebutse, haraguye
imvura y’isegenya, imara indwi zibiri atawuvuye munzu. Iyo mvura, uretse
ko yayogeje ibintu, yaratangaje yongera itera ubwoba abanyagihugu, kuko
yaguye muci. Sivyo gusa, inzige ziratera, n’utwari dusigaye bari
kwikorako zirarigita. Iyo mvura yakurikiwe n’uruzuba, isi iragangatara
yata imigaga. Inzara iratera, abantu barahona, abasigaye barangara barondera aho boca ingero, eka igihugu kirasinzikara.
Kukirimba babibonye, abishikira begera umwami, baramuhanura bati: “Mwami uganza ingoma, igihugu kiradupfanye. Wararenze
umuziro wa basokuruza, uraharika ataho ryabonetse mu gihugu cacu.
Niwirukane uwo mwamikazi wakabiri, abantu ntibagume baguhonera mu maso.”
Umwami arabishura ati: “ Nagomvyeko igihugu kizoronka uwozoragwa
ingoma, nagomvye ko igihugu kozoronka uwukiramutswa. Aya mabi ntavuye
kuri ivyo, ronderera ahandi, kuko nashatse ineza y’igihugu.”
Babishikira
barongera bati: “ Tubaze umupfumu aduhishurire, tumenye icishe
igihugu.” Umwami ati: “Ni mugende, muheze muze mumbarire ico yababwiye.”
Baragenda
k’umupfumu baramubarira bati: “Umwami nyene ingoma adutumye ngo
muhishurire ico aya makuba ashikiye igihugu avuyeko, uteko umutoze umuti
wayo.” Umupfumu arabishura ati: “Kumenye icatumya igihugu kigwa mukaga,
biroroshe. Ariko ikizogikiza nico kigoye.” Zantumwa ziti: “ Tubwire
ukuri aho kuri, tukwemereye kubishikiza umwami uko uzoba wabitubwiye.”
Wa mupfumu nawe ati: “ Neza na neza basokuru barashavuye, kuko igihugu
carenze umuziro. Tudakoze ico badusaba, igihugu kizozimangana.”
Babishikira b’umwami bongera babaza umupfumu bati: “Badusaba iki ?” nawe
ati: “Biragoye, mugabo ko umwami yabatumye ndakibabwira. Basokuru
babasaba ibi: ko igihugu carenze umuziro, ngo kidatanze incungu
baragihevye hamwe n’abakibamwo.” Bano barongeye kubaza uwo mupfumu bati:
“ Iyo ncungu yoba iyihe none?” Wa mupfumu
arabandanya ati: “Ngo umwami adatanze urya mwana wiwe w’umuhungu ngo abe
incungu iguhugu kirazimangana ntagisivya. Ngo atari aho naho, wenyene
ubwiwe yemere abe incungu.”
Ba
bantu barabana mu maso, bakubitiza ku kugene uwo mwami yagize umunsi
mukuru uwo muhungu wiwe avutse, baribaza ingene azamuheba akaba incungu
kandi ari samuragwa, baribaza ingene we nyene ashobora kwitangako
incungu, bumva ni amayobera. Niko gusubiza kubaza wa mupfumu bati: “ Nta
yindi ncungu ishobora gukiza igihugu atari urya muhungu canke umwami?”
Wa mupfumu arongera ati: “Ivyo narose ni ivyo.”
Barahaguruka
batora amacumu yabo, bagenda kubwira umwami ivyo umupfumu yabarotoreye.
Ariko bagenda baribaza ingene bubahuka kubwira umwami ngo apfe, canke
atange umuhungu wiwe apfe, birabazazanira. Mugabo kuberako bari bazi ko
uwo mupfumu yari rurangiranwa, bararindisha umwe muribo ngo aje
kubimubwira. Umwami yabariza ijisho kuko yari ababajwe cane n’ibiriko
birashikira igihugu. Baramushikiriye ababaza ati: “ Yababwiye ngw’iki?
Baranuma babanza gutinya kwishura. Baca baraba umwe batuma ngo
abaserukira, araheza ararya umutima amenyo ati: “Mwami uganza ingoma,
ibintu biragoye.” Umwami atega abiri. Haca haba agacerere. Hageze akanya
gatoyi bose banumye, ya ntumwa irabandanya iti: “ Ngo yamakuba
yashikiye igihugu cacu kubera ko carenze umuziro, hanyuma basokuru
barashavuye. None kugirango kirokoke ngo ni ugutanga incungu.” Wa muntu
arasubira arunama. Arabandanya ati: “ Iyo ncungu nayo si iyindi ni wewe
canke uwo mwana w’umuhungu wawe.” Haca
hasubira kuba agacerere. Haciye umwanya ababwira ati: “ Ni uko
yababwiye?” Bishurira rimwe bati: “ Ni uko Mwami uganza ingoma.” Ati: “ Ni mwigire nzobabwira ico nibaza ejo.”
Baraheza
barahaguruka, baja mu bandi. Bakibaza ingene umwami azoshobora gutanga
umwana wiwe ngo abe incungu, bakibaza ingene ashobora kurekera abantu mu
makuba, bati: “ Reka tuze twumve ico atubarira.”
Aho
hose abantu babandanya bicwa n’inzara, kuko vyose vyari vyatikiye. Muri
iryo joro umwami ntiyagohetse. Yaguma yibaza ingene aheba umuhungu
wiwe, akaguma yibaza ingene igihugu kimerewe, bikamuremera. Umutima
uraheza uramubwira uti: “ Wavyaye uwo mwana umushashaye, kugira ngo aze
aragwe ingoma, igihugu kigume kiramutswa abagabo; ugeze muzabukuru.
Niwemere upfire igihugu, n’iteka kuri wewe no kubakwamubako.” Yumva
aranezerewe n’uko agirango akize igihugu.
Siwe
yabonye burakeye! Niho yahamagara ba bishikira, araheza ababwira ati: “
Igihugu kigeze kure, kandi umwami ni abantu. Hako ngira incungu
umuhungu wanje ndemeye jewe mbe incungu, igihugu gikire.” Babantu
bakomera amashi rimwe, bamubwira bati: “ Urakijije igihugu, Mwami uganza
ingoma! Urateye iteka inda y’ingoma. N’abuzukuruza bacu bazobifatirako
akarorero, ko umwami ashobora guheba ubuzima bwiwe kugirango abo ajejwe
barokoke.”
Araheza
abarungika kubitegura no gutegekanya ingene vyogenda. Baragenda,
barabazanya ingene umwami yoba incungu ariko atababaye cane. Umwe muribo
avamwo arabatoza ubwenge. Ababwira ati: “Dutegure umunsi mukuru
dutegure n’inturire, tuyishiremwo ishano, kandi ntiyica rubi. Tuzoheza
duhe umwami, ayihereze, hanyuma iryavuzwe riranguke, igihugu gikire.”
Bagenziwe baremera ivyo abahanuye. Babwira umwami uko bavyiyumviriye,
nawe arabishura ati: “Tegura rero uwo munsi muwitirire ukumobwa imvanda
kw’umuhungu wanje.”
Barateguye
umunsi mukuru: uri intumire , uri impeke, uri ubuki, uri ibikenye, eka
baritegura bimwe bikomeye, naho inzara yariko iratema itongora. Abo
kukirimba bose barakorana, abaganwa baraza abatware, eka abo bose bafise
uruhara rukomeye mu ntwaro y’ico gihugu. Nawa mupfumu yari yatumiwe.
Umwami bamuha ya nturire irimwo ishano, abandi babaha inzoga zari
zateguwe, barabafungurira, bararya, baranywa barahimba.
Imbere
yo kunywa iyo azoga umwami yarabwiye ijambo abari ngaho ati: “Uyu munsi
mukuru nawuteguye ngo uyu muhungu wanje bamumwe imvanda, kandi mwese
mumubone. Niko aracari muto ariko nkaramuka nsandavye, niwe arazwe
ingoma. Uko azoba angana kwose, niwe azoramutswa iki gihugu. Yavutse
munda y’ingoma.” Barakoma amashi.
Araheza
yakira yanturire arihereza, arasubira. Abariho nabo baja kuri nzoga
zabo baranywa barahimba, ikiyago kiba ikiyago. Bagize gutya babona
umwami yibogoye. Bagiye kumubambura basanga yamaze gutanga. Ijuru riba
rirakorotse. Baja mumarira, ahari ikiyago havuka ikigandaro. Inkuru mbi
ikwira igihugu cose kiragandara. Imvura yari yatanze iragwa, irasubira.
Kandi ikagwa itanga umuco. Mu minsi mikeyi, babona ahari amagufa y’inka
zasangutse kubera ya segenya asubiriye kuba inka, abantu bari barapfuye
abarazuka, ivyimburwa biba “rya nawe” eka igihugu gisubira kuba igihugu.
Babishikira
bazi ibanga ry’ivyo vyose bongera gukoranya ba bantu, bahamagara wa
mupfumu, bamutegeka kubwira abari aho ingene vyagenze; eka n’abo
bishikira baravuga ingene babigenjeje. Abari ngaho bakoma amashi bavuga
bati: “ Umwami naganze ku ngoma, we yigura igihugu ciwe n’abiwe.”
Kuva
ubwo abantu bamenyera gukunga no kwubaha umwami wabo. Igihugu gishikiwe
n’amakuba, abaco bakamererwa nabi, umwami ari ku ngoma abisa uwundi ari
uko yigize incungu, akiha ubuki.
Sije nohahera horera Ndicunguye!!!!!!
Ce commentaire a été supprimé par l'auteur.
RépondreSupprimer