Ejo
bundi naganiriye n’umumenyeshamakuru Masengo wo kuri Radiyo Bonesha FM. Yari
yantumiye mu kiganiro ciwe ashaka kumenya ingene abatumire biwe babona ivyavuye
muri ya nama iheruka kubera mu Kigobe mju mpera z’umwaka waraye utashe. Nari
kumwe n’umukuru wa Uprona hamwe n’umunyamabanga mukuru wa Frodebu.
Jewe nashimye kumubwira nti : ico
nipfuza cane cane, kwari ukugerageza kwumviriza bose, nkongera ngasoma ivyo
bandika, ariko cane cane nkihatira kuvundurura ivyo barya na bariya bahisha. Narashinze
intahe mvuga ko ica mbere canejereje ar’uko abo vyega bose bari bitavye inama,
ushizemwo nabari bafise amakenga.
Sinahishije ko nashimye uburyo Umukuru w’Inama
Nshingamateka yashikirije ijhambo rihumuriza mu kwugurura inama. Kandi n’abandi
ni ko babibonye.
Narongeye ndakenguruka bimwe biboneka akigoro
abo muri ADC-Ikibiri bagize. Nta watukanye n’uwundi ; nta n’uwivumbuye. Abari
mu nama bariyemereye ko hariho ivyo bumvikanye, nk’ivyerekeye ibijanye n’ugusubiramwo
guharira ibijanye n’amasezerano y’i Arusha.
Baragiriye ko baremanga ko hariho ivyo
batashoboye guhurirako kandi ntivyari bike. Basezeranye ko bakwiye kuzobigaruka
ko mu bihe biri imbere. Kukaba nkako, umwanya wari muto, ureste ko n’imitwe
yari igize imisi myinshi ishushe.
Jewe narongeye ndanezerwa n’uko
vyagaragaye ko Abarundi bafise uburyo n’ububasha vy’ugutunganya ibiganiro
bibahuza batarinze kuzera inze. Narabonye kandi ko dushobora guhera uno musi
tuganira mu Kirundi, mu rurimi rwa ba Sokuru, ari rwo rutuma na bene wacu ba
nyarucari bo ku mitumba ya rugur bakurikirana ibivugwa.
Ndasavye tukenguruke ivyo tumaze gushika ko. Ibindi ni hanyuma !
Ariko rero twumvikane : amakuru
yakurikiye n’ingene abanyamigambwe babandanije baterana amajambo
ntituvyirengagize. Uvyihweje, bamwe bamwe barindiriye igihe Inama Nshingamateka
izotora rirya tegeko ngenderwako ritunganya ivy’amatora bace basubira muri
yegereyegere mu gihe vyova mwo impari zidahumuriza. Hariho abatari bake, harimwo
n’abanyamahanga bahaye babinuganugana.Ubiravye rero, iyitavyaye inyana izovyara ishuri. N’abakera barayamaze bavuga bati : ingeso iraraba ntihwera. Turamenyereye kubona benewacu bayaga amasigaracicaro bivugira bati : ampisha ko anyanka nanje nkamuhisha ko ndabizi.
Ng’iyo ingendo yishe Uburundi bwa Nyabururunga. Ikindi cishe igihugu, n’ukuguma twidoga aho gutanga ikivi umwe wese ashobora kuduza. Hargeze ko tuvugana ukuri kujanye n’inzitizi zitwugarije.
Ni co gituma ngomba guhamagarira uwo wese abishobora afashe mu gutangiriza. Ni co gituma mvuze nti : MBWIRE GITO CANJE… GITO C’UWUNDI YUMVIREHO.
CIRID : Imigambi irabandanya
Kubera
amabanga niyemeje mu gushinga ishirahamwe mpuzamakungu rifise n’ishami mu
Burundi kandi rifise intumbero y’uguhuza abandi CIRID (www.cirid.ch), ndatumiye uwo wese abishaka kandi
abishoboye azoze mu biganiro iryo shirahamwe ryipfuza kugirana n’uwo wese afise
iciyumviro cubaka. Ukeneye
kumenya ibisumba ivyanditse ngaha, dutere akamo kuri :
Tel. (+257) 78
834 090 (Bujumbura) canke (+41) 79 534 3711 ; burundi@cirid.ch, canke geneve@cirid.ch.
Ivyo dukora bimwe
bimwe biri muri raporo ushobora gusoma ufyonze ng’aha : http://www.cirid.info/#!chronique-du-mois/c1uqa)
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire